africa newsEast Africa Newshomepagekirundisecuritysociete

Abantu bane nibo basize ubuzima mu gitero ca El shebab muri Somalia

Ku musi wa gatandatu abantu 4 barasize ubuzima mu gitero c’abihevyi b’abanya Islam begamiye umuhari Al-Qaida. Ivyo bikaba vyabereye ku mugwa mukuru wa Somalia Mogadiscio.

Ico gitero kikaba cakozwe hakoreshejwe imodoka itezemwo ibombe, nkuko bishikirizwa na Abdirahman Adan, umu polisi wo mu gace ka Afgoye ahabereye ico gitero, BBC ivuga ko bayibwiye ko hari hampande y’ahahagarara imodoka ziriko zirasakwa.

Nkuko ayo makuru dukesha BBC abandanya abishikiriza, ngo ico gitero cari kigamije gusambura Conteneur yakoreshwa n’aba Turc basanzwe bakora ibarabara ngaho muri ako gace. Mu bavyemeje n’aba El Shebab nabo bakaba bagiyemwo.

Abahakomereyeke bagize ibakwe ntibahasige ubuzima, bakaba baciye bajanwa mu bitaro I Mogadiscio.

Uwo murwi ukaba ugize igihe wiha inkumbi mu gukora ibitero bitari bike mu duce twa Kenya, aho bateye ikambi ya Gisirikare ya amerika, co kimwe n’imodoka zunguruza abantu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756