homepagekirundikirundi_Sports

Coupe du Président : Halleluya Fc yaraye inyagiye Simba yo mu Gatumba

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 21 Nzero 2020 niho inkino zugurura igihanwa ryitiriwe umukuru w’igihugu “coupe du Président” zatangura icese.

Umugwi Haleluya Fc ukinamwo umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza nawo nyene warashoboye kwiyandikisha muri ayo mahiganwa. Kuri uyu wa kabiri uheze, uwo mugwi Halleluya Fc wari waramutse utana mu mitwe numugwi Simba wo mu Gatumba, ukaba washoboye kuwunyagiye bimwe biteye ubwoba ibitsindo 7 vyose ku busa bwa Simba.

Twobamenyesha ko izindi nkino zakinywe muri iryo higanwa harimwo nka Garage Fc wanyagiye umugwi wa Freedom ibitsindo 5-1, umugwi w’Amarago Fc nawo utsinda Aigles des Commerçants igitsindo 1-0 nayo Gasumo Fc wo mu ntara ya Mwaro utsinda Karusi United ibitsindo 4-0.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871