BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yvan Muziki ishavu riraniga kuko ngo bamuvuze ko yihakanye igihugu

Yvan Muziki muri Flash TV I Kigali

Ruravyuye ingunza kwa Yvan Muziki, aho n’inyuma yaho ngo abantu bavugiye ko yoba yihakanye Uburundi biciye muri Interview aheruka gutanga. Ivyo bikaba bitari bibaye irya mbere.

Mu kiganiro yahavuye kandi asubira gutanga, yidogeye abantu bamuvuze nabi, aho yavuze ko atihakanye igihugu, kuko nawe asanzwe ari umunyarwanda kubera nyina amuvyara nawe ari umunyarwandakazi.

Yvan akavuga ko hakumuvuga nabi, bari bakwiye kumutera intege kuko ariko akora ibishoboka ngo ateze umuziki imbere, mu gukorana n’abandi co kimwe no mu kuririmbamwo ikirundi muri zimwe mu ndirimbo ziwe.

Muziki yanamenyesheje ko atariko araza mu Burundi vuba kuko yipfuza ko azogaruka azanye ibintu bimeze neza, ari naco gituma ariko akora cane muri kino gihe.

Yvan yanamenyesheje ko hari iyindi ndirimbo iriko irakorwa kandi buca ija ahabona, iyo akavuga ko azoyikorana n’abandi baririmvyi b’i Kigali. Aho n’inyuma ya Feeling iriko irabica bigacika i Kigali; iyo akaba yayikoranye na Bruce Melodie nawe ari mu kibanza ciza mu baririmvyi bariko barakora bigashimwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775