homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Mbappe ngo bamwiteganye igishika cinshi muri Real Madrid

Ari nka hamwe Kylian Mbappe ngo yokora hasi, abo muri Real Madrid bariteguye kumwakira. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umwe mu bakinyi b’inyuma b’uwo mugwi “Nacho Fernandez”.

Mu kiyago uwo mukinyi w’inyuma wa Real Madrid yagiranye n’ikinyamakuru AS, yamenyesheje ko bo ataribo bafata ingingo yo kuzana umukinyi, ngo ingingo zifatirwa hejuru cane, ariko bakemeza ko bo biteguye kumwakirana urweze.

Ivyo bikaba biriko bivurwa mu gihe bisanzwe bizwi ko uwo mukinyi asanzwe akunda Real Madrid cane, kandi aho ngo ni kuva kera cane.

Ariko nkuko bibandanya bishikirizwa n’ibinyamakuru vyo ku mugabane wa buraya, ngo uwo musore ntashobora kwerekana ko abakunda gose kugira ntahave yitera ibibazo n’uburongozi bwa PSG asanzwe akinira.

Mwomenya ko uwo mukinyi afitanye amasezerano n’uwo murwi azoshika mu mwaka wa 2022, gushika ubu ngo ntiharamenyekana nimba bazomwongera canke bazomugurisha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871