BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big fizzo yoba yashatse guhanura Sat-b kutabandanya amwipimako

Mu gihe hagize imisi hari itereranwa ry’amajambo hagati ya Big Fizzo na Sat-b, umwe muribo yanditse amajambo akomeye ku rubuga rwiwe rwa Facebook aho asa nkaho ahanura uwumeze nka mugenziwe, kuko atatomoye akaba yasa n’uwateye ibuye mu mw’ijima.

Mugani igenekerezo rya 25/1  ku rubuga rwiwe rwa Facebook habonetse amajambo akomeye  avuga ko umuntu adakwiye kubaho ahiganwa n’uwundi, ariko akwiye kubaho ahiganwa nawe nyene ubwiwe.

Akoresheje ururimi rw’igifaransa yavuze ati : “ Niwabaho ushaka buri kanya guhiganwa n’abandi, uzoba umururazi…. ariko niwabaho uhiganwa na wewe ubwawe, uzoba uwukomeye.”

Ivyo akaba abishikirije mu gihe badahuriza gushika kuri ino saha kw’izina ritegerezwa guhabwa igiteramo kizoba igenekerezo rya 9/2, kuko izina Who’s the Best ngo ridahumuriza bose, kuko bamwe babona ko basubijwe hasi, kandi ngo ntaworizana mu gihe ata faranga ryo guhiganirwa rihari.

Mu biganiro bagize igihe banatanga bose bakaba badahagarika kugaruka ku kijanye n’ukwikunda kuranga buri umwe muribo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775