featured sporthomepageInkinokirundikirundi_Sports

Aba nibo bakinyi bakomeye kw’isi bababajwe n’urupfu rwa Kobe Bryan

Urupfu giturumbuka rw’igihangange muri NBA Kobe Bryan rwaraye rubabaje abatari bake mu buhangange vy’Umupira w’amaguru kw’isi.

Abakinyi bakomeye kw’isi nka Mohammed Salah , Raheem Sterling , Gareth Bale Lewis Hamilton , Garry Lineker hamwe na Marcus Rashford na bandi baraye bagaragaje akababaro kabo mu kwandika amajambo yerekana y’uko batashimishijwe n’urupfu rwa Kobe Bryan yitavye Imana afise imyaka 41.

Kobe Bryan akaba yaraye yitavye Imana biturutse kw’isanganya ry’indege yiwe ya kajugujugu kur’uwu w’ Imana waraye uheze igenekerezo rya 26 Nzero 2020 igihe c’isaha zine z’ijoro 22h mu masaha y’ibujumbura .

Bryan kobe akaba yaraye asezeye isi ari kumwe n’umwana wiwe w’umukobwa bakunda kujana mu nkino za NBA yitwa Gianni yari afise imyaka 13 y’amavuko ari kumwe n’abandi bagera kuri 7 bose harimwo n’umupirote nkuko vyamenyeshejwe n’igiporisi co muri America .

Iryo sanganya akaba yarikoreye ahitwa Calabas ni muri California mu gihugu ca Reta zunze ubumwe bwa America .

Akaba apfuye asize umugore umwe ariwe Vanessa Laine n’abana Batatu babakobwa aribo Bianka Bella Bryant, Capri kobe Bryant hamwe na Natalia Diamante Bryant yari amaze amezi 7 gusa avutse.

Ku musi w’ejo tukazobamenyesha bimwe mu vyaranze ubuzima bwuwo muhisi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872