homepagekirundikirundi_Sports

Bigirimana Issa yaguzwe muri Police Fc

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Nzero 2020 niho umusatirizi w’umurundi Bigirimana Issa yaraye ashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi w’igiporisi c’Urwandwa Police Fc.

Akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uyo mugwi wa Police Fc mu kiringo c’amezi 6 inyuma yo kurekurwa n’umugwi wa Young Africans wo mu gisagara ca Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzania.

Issa akaba asanze umugwi wa Police Fc umenyerezwa n’umurundi Haringingo Francis Mbaya mu kibanza ca gatatu ukaba urushwa amanota 5 gusa na APR Fc uri mu kibanza ca mbere.

Bigirimana Issa akaba asubiye mu Rwanda inyuma yo gukinira umugwi Apr Fc mu kiringo c’imyaka 4 mu nyuma aca yerekeza muri Tanzania.

Mukamenya y’uko yakiniye umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 yakuriye mu mugwi wa Scorpion wa hano iwacu akinira n’umugwi wa Lydia Ludic Burundi Academic.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871