Burundihomepagekirundisocieteyouth

Uko ibirori vy’ejo bitunganijwe ni uku:

Mu kiringo rero, aha mu gihugu cacu dusanzwe twibuka umusi w’ubumwe bw’abarundi igenekerezo rya 05 Ruhuhuma buri mwaka, urutonde rw’uko ibirori bizogenda ejo ku musi wa gatatu rero ruza rwagiye ahabona.

Nk’uko tubisanga mw’ibaruwa ryasohowe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu Gihugu , naryo rikaba ryandikiwe abakuru b’Intara zose, ibirori rero ngo bikurikirane mu rutonde rukurikira:

Igisabisho c’abihebey’Imana

Ururirimbo ruhayagiza Igihugu cacu

Ugushira amashurwe ku vy’ibukiro vy’ubumwe bizokorwa n’abaserukira Leta hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo aha iwacu( Aha mu gisagara ca Bujumbura)

Ijambo ry’ibanze rizovurawa na buramatari wa buri Ntara( Yamara ngo rikazoba risongoroye ku bijanye n’ubuwe bw’abarundi)

Ijambo ry’uwo musi rikaba rizoshikirizwa n’uwuzoba yaserukiye Leta muri ivyo birori.

Ururirimbo ruhayagiza ubumwe bw’Abarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766