homepagekirundikirundi_Sports

Umugwi Horoya Fc witezwe i Bujumbura muri uno mwaka

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 01 Ruhuhuma 2020 aho uwutwara umugwi Aigle Noir hamwe na FFB Umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo yandika ku rubuga ngurukanabumenyi bwa Facebook avuga ati :

“Umugwi Horoya Fc wo mu gihugu ca Guinée Conakry wemeye kuzokwitabira inkino zo kwugurura Peace Park Complex i Makamba. Aho ni inyuma y’umubonano twagiranye na nyene uyo mugwi akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri ico gihugu”.

Mukamenya y’uko Horoya Fc wiyongeye ku yindi migwi izokwitabira izo nkino zo kwugurura icese ico kibuga ca Peace Park Complex kiri mu Ntara ya Makamba nka TP Mazembe yo muri repubirika iharanira demokarasia ya Congo hamwe na Simba Sc yo mu gihugu ca Tanzania .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871