africa newsBurundihomepagekirundi

Abarundi n’abanyarwanda muri Malawi ngo barageramiwe

                            Idarapo ry’UBurundi n’irya Malawi

Abarundi n’abanyarwanda barageramiwe n’abenegihugu ba Malawi, imvo n’imvano ngo kubera kwagirizwa ko harimwo ababiciye abantu  3 baheruka kugandagurwa.

Amakuru dukesha ikinyamakuru BBC avuga ko abanya Malawi batariko bagera umutwe umunyamahanga uwariwe wese mu duce tumwe tumwe tw’ico gihugu, abo barundi co kimwe n’abanyarwanda ngo bariko baramburwa utwabo,  haba mu mazu co kimwe no mu maduga basanzwe bafise muri ico gihugu.

BBC ibandanya imenyesha ko ababishoboye ngo bose bariko barahungira mw’ikambi y’impunzi ya Dowa iri ahirwa Dzaleka, nkuko umwe mu bamaze guhungirayo yabiyagiye ico kinyamakuru c’abongereza.

Ayo makuru dukesha BBC akaba avuga ko abo bantu batatu bamaze kwicwa ngo vyavuzwe ko biswe n’”Amaburundi”, icatumye umunyamahanga wese ahigwa buhongo.

Naho biruko ariko amatohoza amaze gukorwa n’igipolisi co muri ico gihugu akaba yerekana ko ngo ata murundi ari mu bishe abo bantu nkuko bibandanya bishikirizwa n’ico kinyamakuru. Eka n’ubutegetsi muri ico gihugu bukaba butera ivyatsi ivyo biriko bikorwa n’abo bantu aho bamenyesha ko n’abarundi aria bantu nk’abandi bakwiye guhabwa uburenganzira nk’abandi.

Ivyo bikorwa vy’ubunyamaswa bikaba biriko biba duce twa Mchesi, Chiinde, Area 23, Area 24 muri Lilongwe n’ahitwa Kaphiri mu burasirazuba bwa Malawi.

Mukamenya ko bivurwa ko abo bishwe bakaswe ibihimba vyabo, aho bivurwa ko ababikoze bari bagamije kubikoresha mu bijanye n’uburozi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764