BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Amasanamu y’indirimbo R Flow buca asohora yamenyekanye  

Inyuma y’indirimbo Umusaraba w’Urukundo yanavugishije abatari bake mu bakunzi b’umuziki, co kimwe n’ab’iwabo na mwene indirimbo, Riche agiye gushira ahabona amasanmu y’akandi karirimbo kuri uyu wa 5.

Ako karirimbo azoshira ahabona kuri uyu wa 5, R Flow yakise LOVE, abakunze gukurikirana ivyiwe, baca bibuka ko hari ako yari yasohoye mu mwaka wa 2019 mu kwezi kw’8 yari yise uko nyene. Ako kakaba kamaze kurabwa n’abarenga ibihumbi 4  muri iyo misi kamaze gasohotse.

Riche akaba azoba agakurikije akandi karirimbo yaheruka gushira ahabona haraheze amezi 3 gusa, ako nako kakaba ari akaririmbo Umusaraba w’urukundo kavugishije benshi. Ako karirimbo kakaba kamaze kurabwa n’abarenga ibihumbi 80 ku rubuga rwa Youtube.

Amasanamu y’ako karirimbo Umusaraba w’Urukundo akaba yakorewe hano iwacu n’umuhinyanyuzi John Elarts, ariko ay’ako kandi yo hakaba hataramenyekana umuntu azoba yagakoze.

Mukibuka ko uwo musi azoba ari umusi mukuru isi ihimbaza cane, kuko ari uwo bitiriye abakundana, Saint Valentin, uhimbazwa igenekerezo rya 14 ruhuhuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775