featured sportChelseafootballhomepageIbiyovyabwengekirundikirundi_SportsYvan muziki

# Misiri nico gihugu catowe kizokwakira inkino za CAN 2019 Senior

Inyuma yo kunanirwa kwakira inkino za Can 2019 senior kw’igihugu ca Cameron, Misiri nico gihugu catowe na CAF kizokwakira izo nkino.

Misiri ikaba yarushije Africa yepfo amanota 16 kuri 1 hakaba hari mu nama yakoreshejwe n’ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru muri Africa CAF ryabereye mu gihugu ca Senegal.

Igihugu categerezwa kwakira izo nkino akaba ari Cameroun ariko bakaba baracatse uburenganzira bwo kwakira izo nkino kumvo z’uko imyiteguro yo kwakira izo nkino itari ihagije . Igihugu ca Egypt arico Misiri gisigaje amezi 6 gusa kugira cakire izo nkino aho rikazoba ari ubwa mbere habaye imigwi 24 muri ico gikombe kizotangura mu kwezi kwa 6. Izoba ari incuro ya 5 Misiri yakira izo nkino, ikaba yari yaherutse kwakira izo nkino mu mwaka wa 2006 aho ico gikombe casigaye iwabo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891