BurundiArsenalhomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

CAN U 20| Ikiranga misi c’inkino Intamba mu rugamba izokina

Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba ku batarenza imyaka 20 uzoserukira u Burundi mw’ihiganwa rya CAN U 20 izobera mu gihugu ca Niger wamaze kumenya imisi uzokina inkino zawo.

Ikiranga misi c’izo nkino kimaze gushirwa ahabona inkino zikazotangura igenekerezo rya 02 Ruhuhuma umwaka wa 2019. Intamba mu rugamba urukino rwa mbere zikazorukina igenekerezo rya 02 Ruhuhuma aho zizotana mu mitwe na Nigeria , mugihe urukino rwa kabiri zizorukina igenekerezo rya 05 Ruhuhuma na Niger , Urwa gatatu narwo ikaba izorukira na Africa yepfo igenekerezo rya 08 Ruhuhuma . Mukamenya ko Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 uri mw’itsinda rya A rigizwe na Niger , Nigeria , hamwe na Africa y’epfo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878