homepageInkinokirundikirundi_Sports

Espoir Fc yahagaritse umurundi yayimenyereza

Uburongozi bw’umugwi Espoir Fc wo mu cicaro cambere mu gihugu c’Urwanda waharitse umurundi yawumenyereza ariwe Rukundo Jean de Dieu mu kiringo c’ukwezi bivanye n’umusaruro udashimishije.

Mw’ikete ryashizweko umukono n’uburongozi bw’umugwi Espoir Fc bwavuze y’uko inyuma yo kwicara hamwe basanze badashobora kugumana na Rukundo Jean de Dieu bakaba bagiye kwiga ikibazo kiriko kiratuma uyo mugwi utitwara neza mu kiringo c’ukwezi ndetse baca babona gufata ingingo yanyuma .

Jean de Dieu akaba ahagaritswe mu kazi inyuma yo kutumvikana n’icegera ciwe mbere vyanatumye icegera ciwe ariwe Saidi Abedi Makasi ahagarikwa mu kazi kugira babone y’uko yotanga umusaruro mwiza ariko biruhira baho nyene kumwanikira.

Saidi Abedi Makasi akaba ariwe yaciye agarukanwa muri uwo mugwi Rukundo Jean de Dieu abona guhagarikwa mu kiringo c’ukwezi.

Espoir Fc ikaba iri ku mwanya wa 15 mw’ihiganwa ryo mu Rwanda n’amanota 19.

Mukamenya y’uko Rukundo Jean de Dieu yavuye mu Burundi mu mugwi wa Kayanza United yerekeza muri uwo mugwi wa Espoir yigeze kumenyereza n’umugwi wa Ngozi City.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871