BurundiChelseafeatured sporthomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Intamba zemerewe imiriyoni 3 kuri buri mukinyi nizaramuka zitsinze Gabon

Intamba mu rugamba zemerewe imiriyoni 3 kuri buri mukinyi nizaramuka zitsinze urukino ruzobahuza na Gabon mu ntumbero yo kurondera itike yo gukina inkino zanyuma za CAN 2019 zizobera mu Misiri.

Izo miriyoni umukinyi azohabwa nibaramuka batsinze Gabon mu kwezi kwa 3 zikaba zemewe na Reveriano Ndikuriyo asanzwe ari umukuru w’inama Nkenguzamateka ndetse akaba anarongoye n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB .

Mukamenya ko atari ubwa mbere yemerera abakinyi amahera kuko n’urukino rwa rwabahuje na Sudan y’epfo umukinyi akaba yari yemerewe ko azohabwa imiriyoni zibiri kandi akaba yara zibahaye.

Mu kamenya ko Intamba mu rugamba ziteze kwakira Gabon mu kwezi kwa 3 igenekerezo rya 24 umwaka wa 2019 hano Ibujumbura, nayo nizaramuka zironse inota rimwe canke Amanota atatu bazoba baronse uburenganzira bwo kwitabira inkino za CAN 2019 zigiye kubera muri Misiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 879