africa newsEast Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Aba Dj I Kigali ngo bararembejwe n’abasuma  

DJ Miller ari muba DJ bakunzwe cane I Kigali avuga ko babangamiwe cane n’abantu babiba amafaranga, kandi ngo bikaba biba akatari gake, atari kuwe wenyene ariko ngo no ku bandi ba DJ batandukanye bari I Kigali.

Miller abarizwa mu murwi Dream Team, arikumwe na Dj Marnaud n’abandi batandukanye ngo muri uno mwaka wa 2019 tumaze imisi mike turangije, yibwe akatari gake, aho abatandukanye bakaba bamuzanira insiguro zitandukanye ariko bikarangira ata n’icumi aronse, naho baba babimwijeje.

Uwo muririmvyi akaba n’umu dj, avuga ko muri uno mwaka ataribwa n’abantu bategura ibiteramo asanzwe ahamagarwamwo, ariko ngo mu mwaka uheze ashobora kuba yaribwe ayababa 1,000,000 w’amafaranga yo mu Rwanda, arenga gato 3,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu.

Naho biruko ariko ngo ubu ntibiki nka kera kuko bari mu bantu bariko bagerageza gushira ibintu ku murongo aho ubu abatari bake mu babahamagara mu bikorwa baba batunganije babanza gusabwa kuriha amafaranga imbere yuko batangura gucuraranga.

Muri ico kiyago kitari gito yanahanuye abacirondera muri ico gikorwa c’ukuvanga umuziki ko bakwiye kubanza kwanza kurondera izina gusumba kuja kwigunga mu nguni ya bonyene. Aho akabasaba kandi gukorana ishaka ryinshi.

Mwomenya ko muri uno mwaka avuga ko afise ibintu bitari bike yipfuza gukora birimwo kuzunguruka Urwanda muri ivyo bikorwa vyiwe vy’ukuvanga umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 558