homepagekirundikirundi_SportsMiss EricaWorld NewsYvan muziki

Cristiano yasohorewe umutahe wo kumuhagarika

Kugira hamenyekane nimba AND ya Cristiano ariyo yabonetse ku mpuzu z’uwafashwe ku nguvu muri 2009, bamusohoreye umutahe wo kumuhagarika.

Urubanza rw’ifatwa ku nguvu ryagirizwa umukinyi Cristiano Ronaldo rwasubiriye kandi kuvyuka. Ubu bakaba bariko basaba ibindi kugira urubanza rubandanye kuburanishwa.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Sofoot avuga ko uwo mukinyi yarungikiwe umutahe wo guhagarikwa ngo bikunde igipolisi co mu gihugu ca Italie kimufate noneho hakorwe ico bita Test ADN nkuko ngo bishikirizwa n’ikinyamakuru Wall Street Journal.

Ico gipolisi kikaba kiriko gishaka ko hamenyekana nimba iyo ADN ya Cristiano Ronaldo yoba haraho ihuriye n’iyabonetse ku mpuzu umwigeme Kathryn Mayorga  yari yambaye mu mwaka wa 2009 I Los Angeles aho bivurwa ko yafashwe ku nguvu n’uwo mukinyi.

Uwo mukinyi akaba yagirizwa gufata ku nguvu uwo mwigeme noneho ngo akamufumbatisha $ 375,000 angana 1,012,500,000 Fbu kugira ntazogire uwo abibwira.  Ariko yaba Cristiano canke abashingwamanza biwe akaba ata numwe avyemera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871