Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Mb Data we ngo ivya Tetero ntabihari ahubwo arubatse afise umufasha mu nzu

Inyuma y’igihe kinini ataboneka mugakino, munyuma akaza gusubira kwumvikanira munzu y’ubuhinyanyuzi izwi nka M.A isanzwe irongowe na Mugisha Amir arabandanya gukora ibitangaza mumuziki w’Uburundi aho abandanya kwigarurira imitima ya  benshi.

 

Inyuma y’urugendo rwiwe muri uyu muziki ataboneka mu ndirimbo arikumwe n’umwigeme bivuye kumvo zitandukanye ariko tutigeze tumenya ariko munyuma akaza kwumvikana mu ndirimbo SIPIRIPIRI afashije umwigeme akiri muto mu muziki ariko kandi aheruka gutsinda imiriyoni 25 mwihiganwa PRIMUSIC 2019.

Inyuma yo gushira ahabona indirimbo bise SIPIRIPIRI haragiye haravugwa amajambo atari make aho benshi bibajije ko abo bompi yaba Mb Data canke Laurette TETERO ko boba bari mu rukundo bivuye ku majambo ari mur’iyo ndirimbo aho ubona ko baririmvye k’urukundo rw’abantu batari hafi na hafi navyo vyatumye benshi bibaza ko ari indirimbo yo kuremeshanya hagati yabo bompi babiri bivanye n’uko umuririmvyikazi Laurette TETERO ubu abarizwa mugihugu ca Chypres iyo ariko ararangurira amashure yiwe ariko kandi nawe abandanya yitabira ibiteramo hirya n’ino.

Aganira na Indundi TV ni Mb Data yagize ati :

“Ivyo boba biyumvira kuri jewe na TETERO n’uko bibesha cane atari ubucuti bw’umuririmvyi na mugenziwe buhari ntakindi kintu kihari hagati yajewe na Laurette. Kuboba bavuze ko isanamu yakoreshejwe muri video Lyrics ari iyanje n’uko bashatse kwerekana nyene ko ari jewe ni nk’uko yari kuba akiri hano i Bujumbura tugakora video turikumwe n’ibintu bisanzwe ku baririmvyi, ico bomenya n’uko jewe nubatse, mvuze kuba nubatse sinshatse kuvuga inzu ahubwo n’uko mfise umufasha twubakanye kandi bimeze neza”.

Mb Data akaba ashikirije ayo inyuma yaho yari aheruka kwumvikana muri Collabo yawe na Laurette TETERO yo yazanye amajambo menshi ariko munyuma agasohora indirimbo ari wenyene iyo nayo niyo yashoboye kw’itaba KOMA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769