africa newsEast Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Iyindi mvo n’imvano y’ugutandukana kwa Diamond na Harmonize

 

Intandaro ya Diamond na Harmonize gutandukana ngo ni umukunzi wa Harmonize, Sarah, nkuko bishikirizwa n’umwe mu begereye abo baririmvyi muri Tanzania.

Nkuko tubikesha imboneshakure Carrymastory ngo kuba Sarah ashigikiye cane mu buryo bujanye n’amafaranga Harmonize ngo ni kimwe mu vyateye akanyaro uwo musore, bigatuma yitandukanye na Wasafi nkuko bishikirizwa muri ico kiganiro n’umwe mu banyarusaku bakomeye muri Tanzania.

Uwo mwigeme asanzwe ava mu gace kitwa Zanzibar muri Tanzania, ngo niwe kandi ntandaro yo gutandukana kwabo kuko ngo hari igihe abagize Wasafi boba bamutaye mu nzu, kandi Harmonize yari yabasavye ko bamujana kuryoherwa ho bari bagiye kuko umushingantahe wiwe yari mu kazi.

Aho ngo hoba ariho havuye ugushaka gutandukana na Wasafi, ariko kandi ngo uwo mutariyanokazi ngo yamye kuva na kera amuhimiriza kuvavanura na Wasafi.

Mukibuka ko hanavuzwe ko uwo mutariyanokazi yoba ariwe yatumye uwahoze aru umu Bodyguard wa Diamond ahagarikwa mu kazi, uwo nawe akaba ari Mwarabufighter. Imvo ngo bwoba bwari ubucuti bwa hafi bwa Mwarabu n’uwo mukunzi wa Harmonize.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 558