homepageInkinokirundikirundi_Sports

Bigirimana Blaise yaraye afashije Namungo Fc gutsinda KMC

Hari kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2020 aho umugwi Namungo Fc wari wakiriye umugwi KMC mu rukino rw’indwi ya 22 y’ihiganwa ryo muri Tanzania VPL, urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi Namungo Fc wirahiye KMC Fc ibitsindo 2-1.

Ivyo bitsindo bibiri vya Namungo bikaba vyatsinzwe n’umurundi Bigirimana Blaise amaze imisi ariko aritwara neza mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania.

Mukamenya y’uko urwo rukino rwari ruhurikiyemwo abarundi batari bake kuri iyo migwi yose ibiri ku ruhande rwa Namungo Fc hakina abarundi babiri aribo Bigirimana Blaise hamwe na Steeve Nzigamasabo mutoyi wa Ntibazonkiza Saido mugihe ku ruhande rwa KMC hakina Nahimana Jonathan, Mvuyekure Emmanuel hamwe na Ndikumana Selemani.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871