homepageInkinokirundikirundi_Sports

Youssuf Nyange ngo abakinyi bakina mu gihugu nta gaciro babaha

Mu kiganiro Youssuf Nyange yakoranye na Indundi TV yemanze y’uko mu Burundi ata gaciro baha abakinyi bakina hano iwacu mugihe aribo kazoza k’ejo.

Akaba yagize ati : “Birababaje cane kubona abakinyi bakina mu Burundi badahabwa agaciro mugihe aribo kazoza k’ejo benshi mu bagiye hanze batanguye gukorera amateka igihugu c’amavukiro birababaje cane”

Ayo majambo ashobora kuba yayavuze bivanye n’ingene yabona ariko aritwara neza mw’ihiganwa rya Primus league ariko ugasanga abakinishwa ni babandi bo hanze kandi usanga badafise n’imigwi babarizwamwo.

Ndayishimiye Youssuf  Nyange akaba yabivuze inyuma yo kugurwa mu gihugu ca Turkie mu mugwi ukina mu cicaro ca mbere witwa Yeni Malatya sport.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871