BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mo’W Kanzie ngo yisunze Card B mu ndirimbo yiwe ya 1

Indirimbo yindi ya Monna Walda ngo ni Vuba cane, ivyo n’ivyo aheruka kuyagira mugenzi wacu akorera imwe mu mboneshakure za hano iwacu. Aho akavuga ariko ko ishobora guteba gatoya kuko ashaka ko izosohokana n’amasanamu yayo. 

Uwo mwigeme asanzwe akora ubuzi butandukanye ariko ukuyemwo ubu Mc kuko ngo ata muririmvyi yobukora, ngo akaririmbo kiwe ka mbere yise Nshaka yagakoze afatiye ku karirimbo I Like it ya Card B. Ku kibazo c’uko aje nk’umu Rappeur, avuga ko we adashaka gukora Rap ariko ngo ashaka kuzoririmba naho bizoshika akanakora na Rap.

Muri ico kiyago yagiranye na Siren Vibe Tv, Monna Walda Kaneza akaba yavuze impamvu kandi yanahinduye akazina ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye. Aho akavuga ko yabikoze mu gihe yashaka kuja muvyo kuririmba, igituma ngo kwari kugira abashe kuronka akazina ko kuri Scene.

Igituma yashimye kukarondera, ngo nuko yabonye ko n’abandi bose basanzwe bagafise, uhereye kuri Jay Z n’abandi bose. Ako kazina akaba ari Mo’W Kanzie, kavuye muri ako kazina yahawe n’abavyeyi. 

Mwomenya ko Monna Walda yabaye icababa ca 1 ca Miss Burundi muri 2017, akaba kandi ari umu Vloggeur umwe wenyene Uburundi bufise akorera ku butaka bw’igihugu, akongera Kandi akaba umu MC. 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775