homepageInkinokirundikirundi_Sports

Murutabose Hemedy yaraye afashije Bukavu Dawa gutsinda RCK

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 26 Ruhuhuma , niho umugwi wa RCK w’i Kinshasa ku mugwa mukuru wa Congo wari wakiriye umugwi wa Bukavu Dawa mu rukino rw’indwi ya 20 y’ihiganwa ryo muri ico gihugu, urwo rukino rukaba rwarangiye RCK itsinzwe na Bukavu Dawa ibitsindo 2-1.

Ivyo bitsindo vyose bikaba vyatsinzwe n’umusatirizi w’umurundi Murutabose Hemedy.

Mu nkino 7 amaze gukina muri uyo mugwi wa Bukavu Dawa amaze kuwutsindira ibitsindo 6 ivyatumye umugwi wa TP Mazembe wo muri ico gihugu utangura kumuhurumbira.

Murutabose akaba yarakiniye imigwi ya hano iwacu nka Aigle Noir , les guepiers du lac, Fambeau de l’est , LLS4A mu Rwanda akaba yarakiniye umugwi wa Etincelles muri Kenya akinira KCB muri kino gihe ari muri Congo mu mugwi wa Bukavu Dawa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871