BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo ntaja mu kabare canke mu butambiro kubera kunywa gusa

Big Fizzo ngo aja mu nzu z’ubutambiro kuko aba ashaka kuja kwumviriza aho umuziki ugeze, imidiho abantu baba bagize igihe bakunda. Ariko ngo abandi bo ntiyomenya impamvu bajayo, aho ni mu gihe yariko abazwa ico yovuga ku baririmvyi bandi bama mu bubare.

Uwo muririmvyi kuri Micro ya Bujahit, yavuze kandi ko iyo uri mu bunywero ngo niho wumva umuziki abantu bakunze, kuko ngo iyo indirimbo ziriko zivuga niho ubona abantu bahagurukiye rimwe canke bakaguma baryamye.

Uwo muririmvyi yavuze ko ico gihe ariho yumva indirimbo akwiye kubakorera uko yoba imeze. Aho mukibuka ko ari muri bake bandika indirimbo zikamara igihe zikunzwe, naho ziba zimaze gusohorerwako izindi.

“Jewe ngiye mu kabare canke muri Boite, simba ngiye just kunywa, kuko n’iwanje nozigura nkazinywera iwanje, ariko mba ngiye kuraba aho umuziki ugeze. Kenshi harya mu ma Boite niho uhora ubona iyo bashizemwo indirimbo,….., ugaca ubona abantu bose bahagurukiye rimwe bariko baratamba iyo ndirimbo, nawe ufise ubwenge uca uvuga, oooh kuberiki jewe ntokora indirimbo ifise rythme nkiyi,…, bivane na Strategie yabo…”

Ariko kandi akaba yanongeyeko ko abaja mu kabare baba batandukanye kuko hari n’abatajayo kuko baba bakenye, kuko batagira ico bajanayo, ivyo bigaca bifatana n’imyidogo y’uko abaririmvyi batandukanye bavuga ko uwo muziki ataco ubinjiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775