HealthhomepagekirundiWorld News

Coronavirus : Igitigiri c’abaraye banduye umusi umwe nticari bwigere kiboneka

Abantu baraye bamenyekanye ko banduye coronavirus muri Koreya yo mu bumanuko kuri uyu wa gatanu waraye uheze babaye benshi kuva iyo ngwara imenyekanye muri ico gihugu.

Amakuru yaraye ashikirijwe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Koreya yo mu bumanuko n’uko kuva indwara ya coronavirus iteye muri ico gihugu bubaye ubwa mbere hafatwa abantu benshi ku musi umwe, aho kuri uyu wa gatanu waraye uheze wonyene hamenyekanye ko handuye abantu bagera ku majana atanu na mirongo icenda na bane (594), ivyatumye ibitigiri vy’abamaze kuyandura muri ico gihugu kiduga gushika ku bantu ibihumbi bibiri n’amajana icenda na mirongo itatu n’umwe, (2931).

Mwomenya ko gushika ubu muri ico gihugu abantu bagera kuri 17 nibo bamaze kwitaba Imana kuva ico kiza giteye, ico gihugu kikaba arico gifise igitigiri kiri hejuru c’abamaze kwandura coronavirus inyuma y’Ubushinwa bwatanguriyemwo ico kiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755