homepagekirundikirundi_Sports

Ngo ugutsindwa kwa Kayanza United na Buhumuza vyavuye ku buruhe

Kuri musi wa kane  uheze igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2020 isaha icenda 15h00 mu ntara ya Ruyigi niho umugwi wa Kayanza United wari wakiriye umugwi wa Buhumuza Fc mu rukino rwo gutamgura rw’igice c’8 gishira icanyuma c’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, urwo rukino rukaba rwarangiye Kayanza United itsinzwe igitsindo 1-0.

Inyuma y’urwo rukino abakinyi ba Kayanza United baciye basigura icoba catumye batsindwa na Buhumuza.

Ku makuru twasomye ku rubuga rwa Facebook rw’umugwi wa Kayanza United avuga y’uko abo bakinyi bavugako kimwe mu vyatumye batakaza urwo rukino rwa Buhumuza Fc n’uko bari barushe cane kandi n’ingendo zo kugenda no kugaruka kubera uburuhe bakaba batasivye kwizeza abakunzi b’uyo mugwi ko mu rukino rwo gusubiriza bazovyifatamwo neza.

Mukamenya y’uko umugwi wa Kayanza United muri ino ndwi uzokina inkino 3 co kimwe n’iyindi migwi nkiya Vital’o n’iyindi gusa bobo biyunguruje gusumba cane iyindi migwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871