homepagekirundikirundi_Sports

Shassir Nahimana ngo Saido agarutse mu ntamba azomusubiza inimero yiwe

Mu kiganiro umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba yagiraniye na imwe mu mboneshakure zikoresha bwabuhinga bwa none hano iwacu Shassir Nahimana yavuze y’uko Saido Ntibazonkiza akizerwa agahamagarwa mu ntamba mu rugamba ntakibuza y’uko azomusubiza inimero yiwe 10 yahora yambara.

Umumenyeshamakuru akaba yamubajije ati : “Shassir Nahimana usanzwe wambara inimero 10 mu ntamba mu rugamba tukaba tuzi y’uko na Saido Ntibazonkiza ahora yambara iyo numero agarutse bizoca bigenda gute?”

Shassir Nahimana nawe yishura ati : “Agarutse ni vyiza kuko ndamwubaha kandi nsanzwe ndi n’umufana wiwe icambere ubaha umuntu yatanguye kwambara irya numero apana urya yaje mu nyuma ngo ariwe aza kuyikwambura iyo umuntu afatiwe ibihano hama bigahera agarutse ndamuha numero yiwe Saido ansumvya umupira n’imyaka ndamwubaha nka mukuru wanje. Yatanguye gukina ndiko ndamubona yakinanye na nyakwigendera mukuru wanje kandi ni jewe nabadatira impuzu sinshobora kumuburira indero.”

Shassir Nahimana akaba amaze amezi ari ngaha mu Burundi adafise umugwi abarizwamwo inyuma yo kutabandanya akinira mu gihugu ca Arabie Saoudite, akavuga y’uko mu mezi atatu ari imbere ashobora kuronka umugwi mwiza.

Mukamenya y’uko Saido Ntibazonkiza yari amaze ikiringo c’imyaka 5 adahonyoza ikirenge mu ntamba mu rugamba na mutoyi wiwe Steeve hamwe na Emery Kadogo biturutse ku makosa bakoze mu gihugu ca Ile de Maurice mu mwaka wa 2015. Imbere y’uko ahanwa yambara inimero 10  ariyo Shassir asanzwe yambara muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871