homepagekirundikirundi_Sports

Parfait Bizoza yaguzwe mu murwi wa Aalesunds Aafk

Kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 02 Ntwarante 2020, umukinyi w’Umurundi akina hagati yaguzwe mu murwi wa Aalesunds Aafk mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Norvège.

Uwo mukinyi Bizoza akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo murwi ikiringo c’imyaka 3.

Twokwibutsa ko uwo mukinyi yari yarahamagawe ngo akinire umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba aho yashoboye kwitabira inkino zibiri zo kurondera uburenganzira  bw’ukuja mu nkino za CAN 2021 zahuza Uburundi na Republique Centrafricaine na  Maroc.

Mukamenya kandi ko yahora akinira umurwi wa Raufoss ukina mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Nigeria.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871