Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

#Basketball : Burundi bwacu yaraye isamiraniye muri USA

 

Kuri uyu w’imana igenekerezo rya 8 Ntwarante 2020, indirimbo ihayagiza igihugu cacu c’Uburundi yaraye isamiraniye mu rukino rwahuje umurwi Baylor na Iowa States University ikinamwo umurundikazi Ines Nezerwa batazira Giti .

Mu ntumbero yo gukeza umukinyi Ines Nezerwa ku myaka 2 akiniye iryo shure akongera akarikinira urukino rwa basket , haraye humvikanye ururirimbo ruhayagiza Uburundi muri stade yariko iberamwo urwo rukino . Abavyeyi b’uyo mukinyi apima 1,94 m ntibashoboye kuhagera kuko bataronse visa ariko bamwe mu bagize umuryango wiwe bari baje kumushigikira harimwo n’uwahoze ari umunyamideri muri agence Esther akaba n’imfura mu muryango wa Giti akaba azwi ku gatazirano ka Drigue .

Uwundi atashoboye kuboneka ku masanamu y’ejo naho nawene asanzwe aba muri Amerika akaba ari Fleury Nihozeko akina Judo umwe yaronka umudari w’inzahabu muri Africa mubadashikana imyaka 20 nawe akaba ari umuvukanyi wa Ines Nezerwa .

Tugarutae muri urwo rukino , Iowa states cyclones ya Inès Nezerwa niyo yatsinze bigoranye Baylor ku manota 57 kuri 56.

Tubibutse ko Ines Nezerwa yavutse mu 1993 i Bujumbura, akurira muri zone Nyakabiga ,akaba yamenyekaniye muri match yahuza ishure SOS yigako yariko itana mu mitwe na Lycée Ngagara akaba ariho Lazzare umumenyereza wa Berco stars yamusaba ko yoza muri uwo murwi. Berco stars akaba yarawukiniye umwaka mu cicaro ca B aca akinira n’umurwi nserukiragihugu, aca afasha Berco stars gutwara zone 5 na memorial Gisembe 2 yikurikiranya incuro 6 mu myaka 8 atwara ibikombe i Burundi arikumwe na Pasci Bucumi na Kalume Sifa Florence Dada akinira Cincinatti muri leta zunze ubumwe bwa Amerika.

Indundi sports yipfurije gutera imbere Inès Nezerwa batazira Giti.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874