BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hari icokwizerwa hagati ya Sat-B na Harmonize?

Sat-B ngo ntavyo azi ko yoba ari mu baririmvyi babiri, Harmonize yavugiye mu giteramo ko azova i Burundi aririmbanye nabo. Ivyo nivyo aheruka gushikiriza mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo mwanditsi w’”Inkuru y’ukuri” yanamenyesheje ko ariko ko afise benshi yasavye ko boririmba, muribo, akaba yavuzemwo Harmonize, aho asaba abantu kubandanya bamusabira kugira bikunde aze aronke ukwo gukorana nabo.

Ivyo bikaba vyashikirijwe inyuma yaho Famba yamenyeshereje ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko Manager wa Harmonise aho yashika i Bujumbura yamusavye ko yomwereka abaririmvyi bakomakomeye hano iwacu, akanamwumvisha indirimbo zabo zikunzwe.

Ubu rero hakaba hakiri ikibazo c’ukumenya abazotorwa mu baririmvyi bacu bazwi hano iwacu, ubona ko we abahari bagize igihe bifashe neza baharurwa ku ntoke muri kino gihe.

Ivyo kandi bishikirijwe na Harmonize mu gihe muri kino gihe ariko akorana inguvu nyinshi gose ngo arabe ko uwahoze ari shebuja atomusiga kanini mu kumenyekanisha ibikorwa vyiwe mu makungu.

Mwomenya ko ico giteramo uwo mu Tanzaniya yakoreye hano iwacu kitakiriwe neza na bose, kuko ngo harimwo utunenge twinshi twibonekeje muri ico giteramo, dusa n’utugize igihe kitari gito tuboneka mu biteramo abarundi bahuriyemwo n’abanyamahanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775