africa newsEast Africa NewshomepageIndundi Hits ShowskirundiMagic Soldier Kingorongoro

#kenyaAttack | Kenya yari yaburiwe ko hari igitero kiriko kirategurwa

Amakuru ku mvo n’uburyo igitero c’abihevyi cahitanye abantu barenga 20 mu gihugu ca Kenya categuwe abandanya kuboneka mu binyamakuru hirya no hino.

Amakuru dukesha ikinyamakuru the Guardian c’abongereza avuga ko aigihugu ca Kenya ngo cari caburiwe ko hari ibitero biriko birategurwa, ivyo ngo bikaba vyari vyashikirijwe kuva uyu mwaka wa 2018 utararangira nkuko bishikirizwa na bamwe mu bakozi b’iperereza mu gihugu ca Kenya.

Ico gihugu ngo nticabifashe minenerwe kuko kuva mu kwezi kw’11 ngo igihugu ca Kenya cari magabo kugira ntihagire ibara rirwa. Bakaba bari bizeye gutesha abo bagizi ba nabi nkuko bahora babikora mu bitero vyateguwe muri kahise.

Naho bari baburiwe, ariko ngo amakuru bahawe ntiyarakwiye nkuko uwundi mukozi w’iperereza ngo yabiganiriye Associated Press, kuko hari hari ivyari bibuzemwo. S’ico gusa kuko ngo abo bagizi ba nabi bagumye bahindagura ibibanza bipfuza kuzotera, ivyo bikaba vyatumye umurwi ujejwe kurwanya ibitero vy’abihevyi utabasha gukora neza.

Ibitero nkivyo bikaba atari irya mbere bibaye kuko mu mwaka wa 2013, uwo murwi nyene wa Al Chabab usanzwe ukorera mu gihugu ca Somalie ngo warabashije gutera kimwe mu bibanza bikomeye mu gisagara ca nairobie, hapfa abantu barenga 60.

Igiturire kirangwa ku mbibe Kenya ihana Somalie naco ngo coba ari kimwe mu bituma ivyo bitero bikorwa muri ico gihugu, kuko ngo vyorohera abarwanyi b’uwo murwi kwinjira n’ugusohoka muri ico gihugu nkuko ayo makuru abandanya abishikiriza.

Igihugu ca Kenya kikaba gihorwa ko coba carungitse abasirikare muri ico gihugu ca Somalie. Ariko abahinga bo bakavuga ko ico ari icitwazo kuko umurwi w’iterabwoba nkuwo ngo utabura ico witwaza ngo ubashe gutera umudurumbanyo mu bihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755