footballhomepagekirundikirundi_Sports

Juma Mossi yavuze ukuntu Congo yamurondeye kugira ayikinire a

Mu kiganiro uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka 20 iheze Juma Mossi yakoranye na Indundi TV yavuze y’uko umugwi nserukira gihugu wa Congo wamurondere kugira aze kuwukinira ariko aranka guhemukira Uburundi bwamwibarutse .

Akaba yagize ati :

”Mu gihe nagomba gukwiza umwaka wambere nja gukina muri Gabon Umumenyereza wa Congo ico gihe yari Mutubila Santos yigeze kunsanga mu kibuga muri Gabon ambwira y’uko bankurikiranye cane kandi barabizi y’uko nshobora kuba mfise amaraso amwe yo muri Congo ambwira y’uko bakeneye y’uko nogenda gukinira umugwi nserukiragihugu wa Congo. Naciye ndamubwira nti urahazi ahantu hitwa kumuzinda? Anyishura y’uko ataho azi kubera y’uko atari umurundi nca ndamubwira nti nawe ushobora kuba ufise amaraso amwe n’abarundi kuko ukongomani wese aba afise amaraso y’Uburundi n’umurundi nawe aba afise amaraso yo muri Congo nca ndamubwira y’uko jewe ndi umurundi kandi sinzopfa mpinduye ubwenegihugu kandi nama nsaba Imana nzopfe ndi umurundi kandi nzopfire iwacu.’’

Mukamenya y’uko mu myaka 20 iheze Juma Mossi yakiniye intamba mu rugamba yabaye kizigenza w’uyo mugwi mu kiringo kingana n’iimyaka 12.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891