footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Vivier Bahati agiye kuba icegera c’Umumenyereza wa Azam Fc

Kuri uyu wa karibi waraye uheze igenekerezo 03 Ntwarante 2020, niho uburongozi bw’umugwi Azam Fc bwafashe icemezo co kugira Vivier Bahati nk’icegera c’umumenyereza Aristica Cioaba ava mu gihugu ca Roumanie.

Vivier Bahati akaba asubiriye Umu Tanzania Idd Nassor hampande yo kugirwa icegera c’Umumenyereza w’Umugwi Azam Fc w’abakuze yari asanzwe amenyereza umugwi wa Azam Fc w’abatarenza imyaka 20 akazobandanya awumenyereza nkuko vyamye .

Aganira na Indundi Sports Vivier Bahati yashimiye Imana kubona yahawe ico kibanza kuko ari ikintu ciza, akaba yagize ati :

«Nivyo bahisemwo kumpa ico kibanza ni ikintu ciza cane kuri jewe ndashimiye Imana kubona nahawe ico kibanza. »

Abajijwe icoba catumye bamushima gushika aho bamugira icegera c’Umumenyereza mukuru wa Azam Fc akaba yavuze y’uko boba bashimishijwe n’akazi akora mu mugwi wa Azam w’abatarenza imyaka 20.

Vivier Bahati akaba afise amasezerano y’umwaka muri uyo mugwi .

Yafashije gutwara igikombe ca East African Chipkizi Cup 2019 c’umugwi wa Azam w’abatarenza imyaka 20.

Vivier Bahati akaba yigeze kumenyereza imigwi ya Les Lierres , Musongati Fc hamwe, Nile Olympic hamwe n’umugwi nserukira gihugu w’abatarenza imyaka 17 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891