homepagekirundikirundi_Sports

Shassir Nahimana ngo ntiyitezwe guhamagarwa mu ntamba mu rugamba

Mu gihe yariko akorana ikiganiro n’imwe mu mboneshakure online ya hano iwacu uyo mukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Shassir Nahimana yavuze y’uko atitezwe guhamagarwa mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu misi iri mbere bivanye n’uko atamugwi abarizwamwo muri kino gihe.

Shassir yarabajijwe ikibazo n’umumenyeshamakuru amubaza y’uko yoba afise ikibanza mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mugihe ata mugwi abarizwamwo.

Shassir Nahimana akaba yishuye ati : «Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ni umuryango w’isoko sinshobora kuronka ikibanza kubera y’uko hari abakinyi barenga ibihumbi ijana bakina kugira bahamagarwe mu ntamba mu rugamba nabo nyene bandikishe amateka , rero sinshobora kwicara ngaha ngo ndiko ndiyumvira intamba mu rugamba mugihe hari benshi bakina hanze y’igihugu , nohamagarwa mu ntamba igihe nzoba naronse umugwi wo hanze y’igihugu naho nyene bizosaba y’uko anyizera , ariko kuvyukuri muri kino gihe nta n’iciyumviro mfise co gukinira intamba mu rugamba ».

Mukamenya y’uko Shassir Nahimana ari hano mu gihugu arindiriye ko ukwezi kwa 6 kuzohera kugira aronke umugwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871