footballhomepagekirundikirundi_Sports

Sahabo Paris yijeje abakunzi ba Vita’o Fc gutwara igikombe c’Umukuru w’igihugu

Mugihe umugwi wa Vital’o Fc wari uhejeje gusezerera umugwi wa Garage Express Fc mu kuwutsinda ibitsindo 3-2 i Gitega mu rukino rwo gusubiriza gw’igice 1/8 gishira icanyuma c’igikombe citiriwe Umukuru w’igihugu Sahabo Paris amenyereza Umugwi wa Vital’o Fc yagize ico ashikiriza abamenyeshamakuru inyuma y’urukino.

Ari kuri mirco ya bagenzi bacu b’abamenyeshamakuru Paris yavuze y’uko urukino rwabahuje na Garage Express Fc rwari urwa qualification bari gutegerezwa gutsinda uko vyari kugenda kwose .

Akaba yagize ati” yari qualification twari gutegerezwa gutsinda uko vyagenda kwose ”

Abajijwe y’uko batigeze bacika intege igihe umukinyi wabo w’inyuma yari yahawe ikarata itukura mu minota ya mbere y’urukino Paris yishuye y’uko bitigeze bibaca intege ahubwo igitsindo cinjiye nivyo vyabateye ubwoba gato ariko munyuma babonye y’uko bishoka bivanye n’uko abakinyi ba Garage Fc bahejeje gutsinda baciye basubira inyuma kuzibira.

Abajijwe icatumye Garage Fc inganiriza nabo i Bujumbura mu rukino rwo gutangura Paris akaba yishuye y’uko hari habaye ukugaya abakinyi ba Garage Express Fc ngo ni uko ari abana ariko ngo yasanze umupira utoroshe ngo abasore ba Garage Fc barashoboye.

Paris yarangije yizeza abakunzi b’Umugwi wa Vital’o Fc abizeza y’uko ashobora gutwara ico gikombe citiriwe Umukuru w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890