BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ashley Diva yoba agiye kugaruka?

Inyuma y’igihe ari mu gacerere, bamwe bamwe bakaba banavuga ko yoba yarahagaritse umuziki, noneho akaja gukizwa, habonetse Video kuri Instagram yiwe aho habonetse umukobwa ashobora kuba ariwe ariko aratamba.

Uwo mukobwa bikaba bishoboka ko yoba ari Ashley Diva, uno musi asigaye yitwa Ashley Nkuru kuri urwo rubuga rwa Instagram. Kuri urwo rubuga rabonetse asa nkaho ariko atamba akaririmbo k’umuririmvyi Rayvanny wo mu gihugu kibanyi ca Tanzania.

Iryo shusho ryahavuye riherekezwa na Hashtag 2, imwe ya Teamo ariko kazina kiyo ndirimbo, hamwe n’akazi Afrika kigeze kuba izina ry’indirimbo yigeze kuririmba kandi igakundwa n’abatari bake.

None yoba agira agaruke? Biracagoye kwemeza, kuko nivy’arimwo muri kino gihe asa nkaho ari ibanga cane. Ariko tukazobandanya tubatohoreza.

Mukamenya ko akaririmbo kiwe ka nyuma aheruka gushira ahabona ari akaririmbo…. Yashize ahabona haraheze imyaka 2 n’amezi 4 kuko yayisohoye mu kwezi kwa 12 kw’umwaka wa 2017. Ako nako kakaba kari My level.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775