footballhomepagekirundikirundi_Sports

CAF yahagaritse inkino zo gukurakuranamwo mu kurondera itike ya CAN 2021

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 13 Ntwarante 2020, niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF ryamenyesha y’uko indwi ya 3 niya 4 muri za nkino zo kurondera itike ry’igikombe ca Afrika CAN 2021 izobera mu gihugu ca Cameroun izihagaritse mu ntumbero yo gukingira abene gihugu n’abakinyi ya ngwara ya Coronavirus mugihe iryo shirahamwe ryari ryavuze y’uko izo nkino zizokinwa ukuri kwamye bivanye n’uko umugabane wa Africa utarasinzikazwa cane niyo ndwara .

Uburundi bwari bwiteguriye gukina na Mauritania ku magenekerezo ya 25 hamwe na 29 muri uku kwezi kwa Ntwarante .

Mukibuka y’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryari ryamaze gufata ingingo yo kudatumako abakinyi b’abarundi bakina ku mugabane wa Buraya mu ntumbero yo gukinga iyo ngwara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891