BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

B Face arerekana abantu baza imbere mu bapfukamye mu nda umuziki ndundi akerekana n’ahari umuti

B Face ngo ntihagire uwusubira guta umwikomo kuri mugenziwe ngo kuberiki indirimbo zitamenyekana mu makungu, avuga ko yaba abamenyeshamakuru, abaririmvyo co kimwe n’aba DJ ngo bose amakosa n’ayabo.

Boniface abona ko umuti aruko abaririmvyi, abamenyeshamakuru n’aba Dj botangura kwicarana noneho bakayaga kugira barabe ico bokora ngo umuziki w’Uburundi utere imbere gusumba aho ugeze uno musi. Kuko muri bose bafise amakosa bakora kandi adakwiye.

Ariko naho biruko, B Face abona ko aba Dj nabo bari mu bawufukamye mu nda gusumba, igituma ngo nuko aribo bakorera ahantu hinjirwa n’abantu benshi gusumba. Abo ngo nibo bakwiye gufasha kugira uwo muziki bawumve ari benshi gusumba.

B face yanagarutse muri ico kiyago na Buja Hit ku mashirahamwe yo gutumanako amakuru aho abona ko nabo bari bakwiye kwikubita agashi mu guhagarika gukoresha indirimbo zo hanze cane gusumba iza hano iwacu. Aho akavuga ko izo ndirimbo bakoresha zimwe zimwe ziba zarahagaritswe mu bihugu vyabo, ariko zikaza kuvuzwa hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775