footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Shassir Nahimana yaguzwe mu gihugu ca Guinée Équatorial

 

 

Inyuma yo kumara nk’amezi ashika kuri abiri canke atatu umukinyi wo hagati w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba yaguzwe mu mugwi wa Futuro Fc ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Guinea Équatorial.

Nahimana Shassir akaba yashize umukono wo gukinira uyo mugwi wa Futuro Kings Fc mu kiringo kingana n’umwaka umwe.

Iyo ikaba ari inkuru nziza ku Burundi bivanye n’uko azoba yiyongeye mu bandi bakinyi b’intamba mu rugamba bafise imigwi muri kino gihe ndetse bibaye ngombwa umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ashobora kuzokwikorako mu nkino zo kurondera itike yo gukina CAN 2021 zigijwe imbere kubera ikiza ca coronavirus.

Shassir Nahimana ni umwe mu bakinyi beza bakina ku nimero 10 Uburundi bufise, yakuriye mu mugwi wa Meridien Bank , aduga mu cicaro ca mbere akinira umugwi wa Inter Star, Vital’O Fc akina mu Rwanda mu mugwi wa Rayon Sports awuvamwo aja muri Oman mu mugwi wa Sur Fc awuvamwo aja mu gihugu ca Arabie Saoudite akinira imigwi ya All Mojzel hamwe na Al Entesar.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891