BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Chany Queen yama yakubiswe na Lolilo ahowe Big Fizzo

Chany Queen akirikumwe mu rukundo na Lolilo ngo yarafise ibibazo bikomeye, kuko yama ku ngumu buri gihe. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Big Fizzo aho yavuze ko baba bamupfuye.

Intandaro y’ivyo bibazo ngo nuko Chany Queen yaba yabwiye Lolilo ko Big Fizzo azi kuririmba kumusumvya, naho ari umugabo wiwe. Ivyo rero ngo vyama vyavyuye ibibazo bikomeye hagati yabo.

Uwo muririmvyi yavuze ko Lolilo akenshi yama yagiriza uwo muririmvyikazi ko yoba asigaye agendana na Big Fizzo. Ivyo we avuga ko bitarivyo na gato.

Big Fizzo mu kiganiro PPF Show ca Best entertainment Television yamenyesheje ko ukwo gushaka kumenya uwuririmba neza gusumba uwundi, ngo nico catumye abo uko ari 2 badacana uwaka.

Ivyo Big Fizzo akaba abishikirije mu gihe abatari bake bavuga ko badahuza, ariko Ku rundi ruhande hakama haboneka amashusho aberekana bari hamwe, kandi bariko barakorana ibikorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775