footballhomepagekirundikirundi_Sports

Yaoundé ngo abakinyi b’ubu bakunda amahera

Mu kiganiro yakoranye na Indundi TV Umuyobozi mu bijanye n’ubuhinga mu mugwi wa Vital’o Fc Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé yasiguye itandukaniro riri hagati y‘abakinyi b’ubu n’aba bakera .

Akaba yagize ati ” itandukaniro riri hagati y‘abakinyi b’ubu n’abakera ni uko abubu kugira baje gukina arinda gusaba amahera ikibabaza ni uko usanga n’umwana wo mu cicaro ca gatatu wumva abwira Président ngo ndihira inzu ngo Madame yavyaye , ngo banyirukanye munzu ibintu vyose ubu ni amashida niryo tandukaniro rihari”.

Yaoundé akaba yarangije avuga y’uko Umupira wo mu Burundi ata mahera menshi urimwo baze bemera utwo duke tubonetse baturye umutima uri hamwe .

Mukamenya y’uko Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé ariwe mu menyereza wenyene amaze gutwara ibikombe vyinshi hano mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891