BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Lolilo avuga icatumye asubira gukorana indirimbo na Big Fizzo


Intandaro y’ugusubira gukorana hagati ya Big Fizzo na Lolilo ngo n’inyota yukwerekana ko umuziki w’uburundi utwawe n’abo bagabo babari bamaze igihe muri uwo mwuga, nkuko bishikirizwa na Lolilo ubwiwe.

Mu kiyago yagiranye na Landy, uwo muririmvyi yavuze ko indirimbo yiwe na Big Fizzo izoshwara mu bantu vuba cane. Nayo ku butumwa buri muri iyo ndirimbo, ntaco yashimye kugira ico abushikirijeko, ariko avuga ko izina ryayo azoba ari Longtime, izina rivuze vyinshi.

“Big fizzo n’umu legend, n’umugenzi kuva kera, kandi ndakunda akazi kiwe, akora Bien. Hanyuma twavuze aba fans bacu bakomaze gukoma akaruru cane, reka dukore, reka tubereke ko umuziki wo mu Burundi ugifise abantu bawuhagarikiye. Rero Lolilo na Fizzo twakoze indirimbo, muzoyibona mu misi iza, n’indirimbo imeze bien, n’indirimbo yitwa Longtime, ni Lolilo ft Fizzo, hakaba hari n’iyindi izosohoka Mais izosohoka Après iyo.”

Iyo ndirimbo ikaba igiye gushirwa ahabona inyuma y’igihe bivugwa ko uko ari 2 badacana uwaka, mbere hazamwo n’amajambo bavuga ko umwe muribo yoba agira ico yungukira muri ukwo gushwana kwabo, kuko bituma avugwa cane noneho indirimbo ziwe zikabona kwumvikana.

Aho mukibuka ko abo baririmvyi baheruka kuririmbana haraheze igihe kitari gito, Kuko baciye basa b’abacanyemwo naho badahuriza kucoba caratumye abo uko ari 2 bacanamwo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775