Igihe umugwi wa Les liérres wariko uratana mu mitwe n’umugwi wa Rukinzo Fc umumenyereza wa Les liérres Bimenyimana Robert ntiyagaragaye ku ntebe y’ubumenyereza .
Aganiriye na Indundi Sports , Bimenyimana Robert yavuze y’uko icatumye atanga imihoho muri uyo mugwi ari ukutagira indero kw’abakinyi bamwe bamwe bo muri uyo mugwi .
Bimenyimana Robert muri kino gihe akaba yashinzwe amabanga yo kuba umuyobozi mu bijanye n’ubuhiga mu mugwi w’igisirikare c’Uburundi Muzinga Fc .
Mukamenya y’uko Robert amaze kumenyereza imigwi ya Transport hamwe na Inter Star.