Burundihomepagekirundisociete

Ngo bagiye kwimurirwa kure y’igisagara ca Bujumbura

Imiryango y’abateshejwe izabo n’umwuzurira, begeranirijwe mu bibanza bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura ngo bagiye kwungururizwa kure yaco.

Nk’uko bishikirizwa na Antoine Ntemako aramutswa ubuyobozi bw’umurwi w’igihugu ujejwe gukinga mu gihe c’ibiza n’isibe mu Burundi, ngo abo bateshejwe izabo kubera isegenya ngo bagiye kuzokwimurirwa mu kibanza kiri kure y’igisagara ca Bujumbura n’aho atashimye kumenyesha neza aho hantu bategekanije ico kibanza.

Antoine Ntemako atanga insiguro y’iryo yunguruzwa ry’abo bantu ko rizoba ritumwe n’abantu bagiye kwinjira muri abo bahuye n’ivyo vyago kandi bo atavyabashitseko.

Abo bagiye kwimurwa, bavuga ko bafise amakenga y’ukuntu bagiye kwimurwa mu gihe abana babo bari mu bihe vy’ibibazo vyo kurangiza igice ca kabiri c’umwaka w’ishure.

Mwomenya ko abategekanya kuzokwunguruzwa ari abari begeranirijwe ku Winterekwa, Mubone, Buterere, Kinyankonge hamwe na Mugaruro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765