homepagekirundi_SportsWorld News

Inkino za Olympique zegejwe imbere kubera ikiza ca COVID-19

 

Inkino zisanzwe zihuza abanonotsi batandukanye bavuye kw’isi hose, Jeux Olympiques, zamaze kwegezwa inyuma, bivuye ku kiza ca Covid-19 giterwa n’umugera wa Corona virus. Izo zikaba zibereye I Tokyo muri uno mwaka nyene wa 2020, ku magenekerezo rya 24/7 gushika kuri 9/8.

Amakuru dukesha ikinyamakuru c’inkino co mu gihugu c’Uburansa Foot01 avuga ko ivyo vyashitsweko bivuye mu kiyago c’uwo murwi CIO (Comite International Olympique) hamwe n’umushikiranganji wa 1 wa Japon, aho nabo bafatiye ku makuru bahabwa n’umuryango mpuzamakuru wita ku magara y’abantu, WHO.

Mw’itangazo bashize ahabona ngo bavuga ko bunguruje izo nkino mu kiringo c’umwaka wose, nukuvuga inyuma y’umwaka wa 2020, ariko kandi bitarenze ici ry’umwaka wa 2021. Ivyo bikaba bibaye irya mbere bibaye aho begeza imbere ayo mahiganwa, uretse igihe c’ingwano.

Ivyo bishikirijwe mu gihe hari ibihugu bimwe bimwe vyari vyamaze kumenyesha ko vyasokoye abanonotsi babo muri ayo mahiganwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822