EntertainmenthomepagekirundimusicWorld News

Manu Dibango yahitanywe n’ikiza ca COVID 19


Ikiza ca Covid-19 kibandanya gihekura isi, kikaba kitanagera umutwe bamwe mu bihangange isi itunze. Inyuma yaho hamenyekaniye ko abaririmvyi, abashikiranganji n’abandi banyamafaranga bakomeye kw’isi batanguye gufatwa n’iyo ngwara, ubu naho ico kiza gitanguye kubatwara.

Inyuma ya umuririmvyi akomeye Kenny Rogers aheruka kwitaba Imana, uno musi naho Isi yabuze umu Saxophoniste akomeye w’umunyafrika, Emmanuel Dibango isi yarizi cane nka Manu Dibango. Uwo akaba yitavye Imana inyuma y’imisi 7 gusa ari mu minwe y’abaganga.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Le Monde avuga ko uwo muririmvyi igenekerezo rya 18/3, yari yamenyesheje abakunzi biwe abicishije ku rubuga rwa Facebook mw’itangazo ko ari mu minwe y’abaganga kubera yafashwe n’umugera wa Corona Virus, utera ingwara ya COVID-19. Ariko naho biruko, amakuru ngo yabandanije atangwa kuri urwo rubuga yerekana ko ariko aratora mitende.

Uwo mugabo w’imyaka 86 akaba yitavye Imana amaze imyaka 60 akora uwo mwuga w’ukuririmba n’ukuvuza ibicurarangisho vy’umuziki, kuko yaramaze kwiga gukoresha ibitari bike. Akaba asandabiye mu gihugu c”ubufaransa ari naho yize igihe kitari gito, kandi akanakorera ibikorwa vy’umuziki.

Emannuel Dibango akaba yavutse mu mwaka wa 1933 I Doula muri Cameroun, ku myaka 15 gusa, arungikwa mu gihugu c’Ubufaransa ari naho yahavuye akorera ibikorwa vyamuhesheje izina rikomeye kw’isi. Uwo mugabo akaba azoshingurwa n’umuryango wiwe umwegereye gusa, kubera iyo ngwara yamuhitanye ihanze isi, ariko ngo igihe nica nicagera hazokorwa umugirwa wo kumwunamira.

Ico kiza kikaba kiriko kirasasika inganda muri kino gihe, kuko bivurwa ko abarenga 17,000 bamaze guhitanwa n’ico kiza, nayo abarenga 300,000 bakaba bamaze gufatwa n’iyo ngwara ifatira mu bihimba vy’ubuhumekero.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769