footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Saido Ntibazonkiza ashobora gusubira kuboneka mu kibuga mu rukino rwa Musongati fc

Mugihe amaze indwi zirenga zibiri ataboneka mu kibuga Saido Ntibazonkiza yamaze gutangura imyimenyerezo n’abandi.

Ku makuru yo kwizera Indundi Sports yaronse ni uko uyo kizigenza w’umugwi wa Vital’o Fc ashobora kuboneka mu rukino rw’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu ruzobahuza na Musongati Fc ruzoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020.

Twashoboye kurondera Saido Ntibazonkiza kugira nawe atange umuco kuri ayo makuru avuga y’uko ashobora kuboneka mu kibuga ku musi w’Imana akaba yatwishuye y’uko ataramenya neza y’uko azoboneka mu kibuga.

Mukamenya y’uko kuva aho Saido Ntibazonkiza ababariye mu rukino rwabahuje na Aigle Noir igenekerezo rya 08 Ntwatante 2020, mu nkino zitatu ataraboneka mu kibuga Vital’o Fc imaze gutsinda urukino rumwe izindi zibiri yarazitakaje.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891