footballhomepagekirundikirundi_Sports

Coupe du Président : Vital’o Fc igiye kwakira Musongati Fc mu gice ca 4 gishira icanyuma

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020, isaha icenda 15h00  ku kibuga c’intwari niho umugwi wa Vital’o Fc uzokwakira umigwi wa Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega mu rukino rwo gutangura rw’igice 1/4 gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu.

Ni urukino ruzoba rukomeye kuri iyo migwi yose bivanye n’uko yose inyotewe guserukira Uburundi mw’ihiganwa rya CAF Conféderation Cup.

Vital’o Fc iheruka guserukira igihugu mu mwaka wa 2018 mugihe umugwi wa Musongati Fc nawo ukeneye kwandikisha amateka ubwa mbere.

Naho biri uko Musongati Fc niyo ifise amahirwe bivanye n’uko iri mu kibanza ca kabiri ku rutonde rw’imfatakibanza rw’imigwi ya Primus league Vital’o nayo igafata ikibanza ca 4 isa nkiyari yamaze guheba igikombe ca Primus league Burundi amaso yayo yose ikaba iyatumbereje mu gikombe citiriwe Umukuru w’igihugu .

Mukamenya y’uko iyo migwi ibiri yarahuye mw’ihiganwa rya Primus league aho mu rukino rwo gutangura rwabereye i Gitega, Musongati Fc yatsinze Vital’o Fc ibitsindo 2-0 , mu rwo gusubiriza narwo rwabereye i Bujumbura Vital’o Fc yarabasubije mu ndumane yo kubatsinda ibitsindo 2-0.

Inzindi nkino z’igice ca kane gishira icanyuma zizokinwa :

Ku musi wa gatandu igenekerezo rya 28 Ntwatante 2020:

-Isaha icenda 15h00 mu Ruyigi umugwi Buhumuz Fc izokwakira Rukinzo Fc

-Isaha indwi 13h00 ku kibuga c’intwari umugwi Inter Star uzokwakira Buja city

-Isaha icenda n’igice 15h30 umugwi wa Athletico Academy uzokwakira Aigle Noir

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante :

– Isaha icenda ku kibuga c’intwari umugwi Vital’o Fc uzokwakira Musongati Fc

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891