East Africa NewsHealthhomepagekirundi

EAC iriko itanga Laboratoire ngendanwa zizofasha gupima COVID 19

Laboratoire ngendanwa 9 nizo zatanguye gutangwa n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, zihabwa ibihugu bigize uwo muryango ngo bikunde babashe guhangana n’ikiza ca Coronavirus gihanze uwo muryango n’isi yose muri rusangi.

Izo laboratoire zikaba nkuko umunyamabanga w’uwo muryango yabimenyesheje i Kigali aho bariko bashikiriza iyo laboratoire ngo zirimwo ibikoresho bigezweho vyo gupima ingwara zishoboka z’ibiza nka Covid 19 na Ebola.

Izo Laboratoire kandi zikaba zatanganywe n’ibikoresho vyo kwikingira bikoreshwa muri labo, nk’udufukamunwa, udufukantoki, amataratara, ibirato n’impuzu zabigenewe. Izo Labo ngo zizokoreshwa n’abantu 18 uwo muryango wahaye inyigisho.

Uburundi bukaba buzohabwa Laboratoire 1, Urwanda 1, Soudan y’amajepfo 1, Kenya 2, Tanzania 2 na Uganda 2.

Ambassadeur Liberat Mfumukeko akaba mw’ijambo yashikirije i Kigali yashimiye Leta y’ubudagi yo yafashije kugira uwo mugambi w’izo labo ushikweko mu gutanga imfashanyo ibicishije muri Banki y’iterambere KFW y’abadagi.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe hari ibihugu muri uno muryango wa Afrika y’ubuseruko bitabasha gupimira ahariho hose izo ngwara, ariko hano iwacu ho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukaba bwamenyesheje ko bugiye gukwiragiza ubuhinga bwo kuyipima mu ntara zihana imbibe n’ibindi bihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756