bp-members-invitationhomepagekirundikirundi_Sportsvolleyball

Volleyball: Bahisemwo ko ihaganwa ridahagarara

Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2020 , abagize inama ya bose y’ishirahamwe rya volley ball baragiye hamwe biga ku kuvyerekeye ikibazo co guhagarika ihiganwa nkuko babisabwe n’ishirahamwe rya volley ku rwego rw’igihugu ariko abari muri iyo nama yabereye kwa Ntekumutwe bakaba bashimye kudahagarika ihiganwa gushika kw’igenekerezo rya 2 Rusama 2020 nkuko vyashikirijwe mw’ikete na Ngendakumana Claver batazira barbare arongoye ishirahamwe rya volley i bujumbura AVAB .

Bakaba bamenyesheje ko ku bibuga abantu bategerezwa gukaraba imbere yukwinjira bakanapimwa imbere yo kwinjira ku kibuga.
Mu mpera z’ino ndwi Gacosmos irongowe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Barandagiye Pascal izohura na Bisoro ku wa gatandatu

Urukino rurindiranywe igishika ruzohuza Rukinzo na Bisoro zikazohura ku w’Imana , izo nazo zikaba zitatsinzwe iseti n’imwe mu ndwi iheze.

Abakunzi b’inkino za volley ball rero bakazororera iryo higanwa risigaje indwi zitatu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872